Iyagiro

11/06/2014
by Admin Admin

--Haragaragara--

Ugabura gute amahera hagati y'abagurisha

11/11/2014
by Admin Admin

PayPal yo kurihira hamwe (mpuzabafatanyabikorwa) ni inyishu ifasha amasoko kwemera kuriha amahera no kuyagabura hagati y'abadandaza biraba, mu gihe isoko yoyo itora ivyayo.

Mu gukoresha  PayPal Complete Payments (Multiparty), mutegerezwa ubwa mbere kurondera PayPal no kuronka uruhusha rwo gukoresha ubwo buryo.

Inyuma yivyo, mushobora gushiramwo uburyo bwo kuriha ukoresheje PayPal Complete Payments (Multiparty). Birakenewe ko abadandaza bahuza amakonte yabo n'isoko ryanyu. Mu gihe abadandaza bose bafise ivyo bagurishije  buguruye amakonte yabo, muri ico gihe abaguzi baca bahabwa ubwo buryo bwo kuriha PayPal mu gihe baciye aho barihira

Muri ico gihe, bose bavyungukiramwo:

  • Abaguzi bibafasha kuriha rimwe gusa.
  • Mwunguka mu kudasangiza amahera hagati y'abagurisha.
  • Abagurisha bungukira mu kuronka amahera y'ivyo badandaje.

Kubera iki mushaka akarorero ko kwiyandikisha ku bagurisha banyu

11/09/2014
by Admin Admin

Mu gihe muriko mutunganya ikibanza c'isoko mpuzabandandaza, muha akaryo abandi bikorera utwabo akaryo kabafasha kugurisha ibidandazwa vyabo ku kibanza cawe. Mu kubafasha kuronka amahera biciye muri uyo mugambi, ihuzabandandaza ifise ikoresha riri hamwe « imigambi y'abandandaza ».

Imigambi y'uwugurisha ibafasha:

  • Gutora amafaranga utoreye rimwe canke burigihe(ku kwezi / ku mwaka) ku badandaza banyu.
  • Gutora agahembo ku cadandajwe cose(ivyijana, icashizweho canke vyose).
  • Gushiraho igitigiri ntarengwa c'ibidandazwa n'amafaranga winjiza.
  • Guha uburenganzira bwinshi ku badandaza bafise imigambi yo kurugero rwo hejuru.
  • Gutora ibihe biyo canke imice izoshikirwa n'abadandaza bivanye nuyo mugambi canke uriya.
  • Gutanga ku badandaza bamwe bamwe Ibutike ntoyi —ni agace k'urubuga gashikana ku fatanirizo rya hafi, ibicuruzwa vy'umudandaza afise ivyo yiharije.

Dukurikirane kuri Facebook na Twitter mugume mufise amakuru. Kugira mumenye vyinshi kw'ikoreshwa ngirakamaro rya JamaMart, kurikirana umurongo wacu  YouTube channel.

Nimwubure isoko ya JamaMart

11/06/2014
by Admin Admin

JAMAMART ni urubuga ngurukanabumenyi rukomeye kandi rukingiye cane, rufise umutekano urengeje, ruhuza abadandaza n’abaguzi b’ibintu n'ibikorwa vyo mu Burundi no mu karere k’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC), n’ibindi bicuruzwa nkenegwa mu Burundi biva hanze. Rufise urubuga ngurukana bumenyi rworoshe kandi rwihuta, rutuma amakuru y’abarukoresha akingirwa neza, hakabaho n’uguhanahana amafaranga ku rubuga ngurukana bumenyi mu mutekano mwinshi, ivyo vyose bishigikiwe n’ukubarungikira ibidandazwa ku gihe kandi mu buryo bwizewe.

umugambi watanguriye ku cigwa c'isoko cerekana ivyipfuzo vy'abafise uruhara mu mugambi nk' abahingura ibidandazwa bo mu gihugu hamwe n'abanyamyuga, amashirahamwe mato mato n'ayagereranye, abaguzi banyuma, inzego n'amashirahamwe, abagurisha ibikorwa bose batowe bivanye n'aho baba, ubushobozi bwo kugura, ukwimenyera kujanye n'ubuhinga bwa none n'ivyankenerwa bibaraba bo nyene.

Intumbero nyamukuru ya JamaMart niyo guhuza abahingura/abagurisha bamenyereye ivyo bakoreramwo hamwe n'abaguzi biciye ku rubuga rwizewe, rworoshe kushikako kandi rudatandukanya, mu gushira imbere ubutunzi bw'igihugu n'ubw'akarere hamwe n'urudandazwa ntamakemwa. 

JamaMart ni urubuga rw'akarorero mw'imenyekanisha ry'ibidandazwa/Ibikorwa vy'ubuhinga bwiharije, mu guha agaciro ibidandandazwa nyavyo, bitamenyerewe kandi bifise uburambe mw'ihanahana hagati y'abagwizatunga