--Haragaragara--
PayPal yo kurihira hamwe (mpuzabafatanyabikorwa) ni inyishu ifasha amasoko kwemera kuriha amahera no kuyagabura hagati y'abadandaza biraba, mu gihe isoko yoyo itora ivyayo.
Mu gukoresha PayPal Complete Payments (Multiparty), mutegerezwa ubwa mbere kurondera PayPal no kuronka uruhusha rwo gukoresha ubwo buryo.
Inyuma yivyo, mushobora gushiramwo uburyo bwo kuriha ukoresheje PayPal Complete Payments (Multiparty). Birakenewe ko abadandaza bahuza amakonte yabo n'isoko ryanyu. Mu gihe abadandaza bose bafise ivyo bagurishije buguruye amakonte yabo, muri ico gihe abaguzi baca bahabwa ubwo buryo bwo kuriha PayPal mu gihe baciye aho barihira
Muri ico gihe, bose bavyungukiramwo:
Mu gihe muriko mutunganya ikibanza c'isoko mpuzabandandaza, muha akaryo abandi bikorera utwabo akaryo kabafasha kugurisha ibidandazwa vyabo ku kibanza cawe. Mu kubafasha kuronka amahera biciye muri uyo mugambi, ihuzabandandaza ifise ikoresha riri hamwe « imigambi y'abandandaza ».
Imigambi y'uwugurisha ibafasha:
Dukurikirane kuri Facebook na Twitter mugume mufise amakuru. Kugira mumenye vyinshi kw'ikoreshwa ngirakamaro rya JamaMart, kurikirana umurongo wacu YouTube channel.
JAMAMART ni urubuga ngurukanabumenyi rukomeye kandi rukingiye cane, rufise umutekano urengeje, ruhuza abadandaza n’abaguzi b’ibintu n'ibikorwa vyo mu Burundi no mu karere k’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC), n’ibindi bicuruzwa nkenegwa mu Burundi biva hanze. Rufise urubuga ngurukana bumenyi rworoshe kandi rwihuta, rutuma amakuru y’abarukoresha akingirwa neza, hakabaho n’uguhanahana amafaranga ku rubuga ngurukana bumenyi mu mutekano mwinshi, ivyo vyose bishigikiwe n’ukubarungikira ibidandazwa ku gihe kandi mu buryo bwizewe.
umugambi watanguriye ku cigwa c'isoko cerekana ivyipfuzo vy'abafise uruhara mu mugambi nk' abahingura ibidandazwa bo mu gihugu hamwe n'abanyamyuga, amashirahamwe mato mato n'ayagereranye, abaguzi banyuma, inzego n'amashirahamwe, abagurisha ibikorwa bose batowe bivanye n'aho baba, ubushobozi bwo kugura, ukwimenyera kujanye n'ubuhinga bwa none n'ivyankenerwa bibaraba bo nyene.
Intumbero nyamukuru ya JamaMart niyo guhuza abahingura/abagurisha bamenyereye ivyo bakoreramwo hamwe n'abaguzi biciye ku rubuga rwizewe, rworoshe kushikako kandi rudatandukanya, mu gushira imbere ubutunzi bw'igihugu n'ubw'akarere hamwe n'urudandazwa ntamakemwa.
JamaMart ni urubuga rw'akarorero mw'imenyekanisha ry'ibidandazwa/Ibikorwa vy'ubuhinga bwiharije, mu guha agaciro ibidandandazwa nyavyo, bitamenyerewe kandi bifise uburambe mw'ihanahana hagati y'abagwizatunga