intumbero yacu nyamukuru ni:

  1. Guhuza abadandaza n’abaguzi b’ibintu bo mu muryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko mu kubaha ikibanza c'isangi aho abacuruzi benshi bashobora kwerekana ibidandazwa canke ibikorwa ku baguzi benshi. 
  2.  Kwinjiza amahera biciye ku mpembo z'ivyandandajwe, amahera yo kwiyandikisha n'imenyekanisha ;
  3.  Kugwiza ibisabwa(kwagura ibikorwa) mu gufasha abaguzi b'abarundi nabo muri EAC gushikira ubwoko butandukanye bw'ibidandazwa ku rubuga rumwe ;
  4.  Ugutanganya neza uburyo bwo kugurisha biciye mu kworohereza ubuguzi, ukuriha, no gukurikirana ivyo watumyeko n'itunganya ry'ibikoresho ; 
  5.  Gushikira amasoko yo mu gihugu n'ayo mu karere udashizeho ibibanza vyo kugurishirizamwo biboneka;
  6.  Kugira iyegeranizo rifasha gusuzuma inyifato y'ubuguzi mu kurushirizaho ubuzobere bw'umuguzi no gutumbereza ibironderwa ; 
  7.  Kugira iyegeranizo ry'ubuguzi bukorewe ku murongo kubw'ikigo kijejwe gutoza amakori mu Burundi bisabwe. 

 Nk'akarorero kamwe muri twinshi, ibidandazwa n'ibikorwa bigize ibikorwa vy'isoko.: Ibidandazwa Ibikorwa Ibidandazwa biboneka Ibidandazwa vy'ubuhinga bwa none: terefone ngendanwa, nyabwonko, ibikoresho ; Ivyambarwa n'imideri : impuzu, ibirato, intabonwa ; Inzu n'ibisharizo : ibikoresho vyo mu nzu,  ibikoresha umuyagankuba, ibikoresho vyo mu gikoni ; Amagara n'ubwiza : ivyo kwisiga, ivyunganira, kwifata neza ; Ibifungurwa :  Ibidandazwa vyo mu gihugu, bitekeye canke  bibisi ;Ibitabo n'ibikoresho : ubutabo, ibikoresho vyo mu biro ; Ubwenge bwa nyabwonko : impusha, ukwiyandikisha ; E-books n'ukwigisha : PDF, kwiga ku murongo ; Inkino na videwo n'umuziki : ivyo guhanura ; ibikorwa bitunganije neza : iharurabutunzi, ugucapa, uguhindura ururimi ; Ugushikana ibidandazwa n'ukubitunganya ; Gukanika : ibikoresha umuyagankuba, imodoka ; Ukubikisha : ihoteri, amatike, Ibirori ; Imibonano: amagara, bijanye n'amategeko, kumenyereza ;

Kugira muturondere, fyonda hanoc.