intumbero yacu nyamukuru ni:
- Guhuza abadandaza n’abaguzi b’ibintu bo mu muryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko mu kubaha ikibanza c'isangi aho abacuruzi benshi bashobora kwerekana ibidandazwa canke ibikorwa ku baguzi benshi.
- Kwinjiza amahera biciye ku mpembo z'ivyandandajwe, amahera yo kwiyandikisha n'imenyekanisha ;
- Kugwiza ibisabwa(kwagura ibikorwa) mu gufasha abaguzi b'abarundi nabo muri EAC gushikira ubwoko butandukanye bw'ibidandazwa ku rubuga rumwe ;
- Ugutanganya neza uburyo bwo kugurisha biciye mu kworohereza ubuguzi, ukuriha, no gukurikirana ivyo watumyeko n'itunganya ry'ibikoresho ;
- Gushikira amasoko yo mu gihugu n'ayo mu karere udashizeho ibibanza vyo kugurishirizamwo biboneka;
- Kugira iyegeranizo rifasha gusuzuma inyifato y'ubuguzi mu kurushirizaho ubuzobere bw'umuguzi no gutumbereza ibironderwa ;
- Kugira iyegeranizo ry'ubuguzi bukorewe ku murongo kubw'ikigo kijejwe gutoza amakori mu Burundi bisabwe.
Nk'akarorero kamwe muri twinshi, ibidandazwa n'ibikorwa bigize ibikorwa vy'isoko.: Ibidandazwa Ibikorwa Ibidandazwa biboneka Ibidandazwa vy'ubuhinga bwa none: terefone ngendanwa, nyabwonko, ibikoresho ; Ivyambarwa n'imideri : impuzu, ibirato, intabonwa ; Inzu n'ibisharizo : ibikoresho vyo mu nzu, ibikoresha umuyagankuba, ibikoresho vyo mu gikoni ; Amagara n'ubwiza : ivyo kwisiga, ivyunganira, kwifata neza ; Ibifungurwa : Ibidandazwa vyo mu gihugu, bitekeye canke bibisi ;Ibitabo n'ibikoresho : ubutabo, ibikoresho vyo mu biro ; Ubwenge bwa nyabwonko : impusha, ukwiyandikisha ; E-books n'ukwigisha : PDF, kwiga ku murongo ; Inkino na videwo n'umuziki : ivyo guhanura ; ibikorwa bitunganije neza : iharurabutunzi, ugucapa, uguhindura ururimi ; Ugushikana ibidandazwa n'ukubitunganya ; Gukanika : ibikoresha umuyagankuba, imodoka ; Ukubikisha : ihoteri, amatike, Ibirori ; Imibonano: amagara, bijanye n'amategeko, kumenyereza ;
Kugira muturondere, fyonda hanoc.