Ni ayahe makuru twegeranya?

Turegeranya amakuru aberekeye mu gihe mwiyandikishije ku rubuga rwacu, tumako ibidandazwa, mwiyandikishe ku kinyamakuru cacu canke mwuzuze ibisabwa.

Mu gihe c'itumwako ry'ibidandazwa canke kwiyandikisha ku rubuga rwacu, bivanye nuko bimeze, turashobora kubasaba kumenyesha: izina, ikiranga ibaruwa ngurukanabumenyi yawe, ikiranga agasandugu ka posita kawe. Ariko murashobora kugendera urubuga rwacu mutimenyekanishije. 

Kubera iki dukoresha amakuru yanyu?

Ibiberekeye vyose muduha bishobora gukoreshwa muri bumwe mu buryo bukurikira:

  • Gukora ku buryo ubuzobere bwawe bukwiyitirira (Ibiberekeye muduha bidufasha kurushirizaho gushimisha ivyipfuzo vyanyu)
  • Mu kurushirizaho kwitaho urubuga rwacu ngurukanabumenyi (Tuguma tugira akigoro ko kurushirizaho kwitaho ibisata vy'urubuga rwacu ngurukanabumenyi bivanye n'amakuru duhabwa canke ivyo mudusubije)
  • Mu kurushirizaho kwitaho igisata c'abaguzi
  • (ayo makuru adufasha kubatunganiriza neza muvyo musaba mu gisata c'ubuguzi n'ivyipfuzo vyanyu vy'ugushigikira)  
  • Mu gutunganya ubuguzi
    • Ibiri kuri iyi soko, rusangi canke n'ibikwerekeye ntibigurishwa, canke bihanahanwe, canke birungikwe, canke bimenyeshwe ku rindi shirahamwe ku mvo izarizo zose,mutavyemeye, kireste ku mvo yonyene y'ugushikana ikidandazwa canke igikorwa carishwe casabwe.
  • Mu gutunganya ihiganwa, imenyekanisha, itohoza canke irindi koreshwa ry'urubuga
  • Mu kurungika amabaruwa ngurukanabumenyi yisubiriza ku mwanya
    • ikiranga ibaruwa ngurukanabumenyi murungika mw'itunganywa c'ivyo watumyeko ishobora gukoreshwa mu kubarungikira amakuru n'ivyashizwe ku gihe bijanye nivyo mwatumyeko, vyiyongera mu guhabwa rimwe rimwe amakuru y'ishirahamwe, ugushira ku gihe, amakuru ku bidandazwa canke ibikorwa vyo hambavu, n'ibindi.
    Inkebuzo: Mu gihe umwanya wose mwipfuza kwikurako mu kuronswa amabaruwa ngurukanabumenyi(e-mails)akurikira, turashiramwo ido n'ido ry,uko mwikurako munsi y'ibaruwa ngurukanabumenyi yose.

 Dukingira gute amakuru yanyu?

Dushira mu ngiro uburyo butandukanye bw'umutekano bufasha mu gukingira ibibaranga mu gihe mugize itumwako ry'ibidandaza canke mwinjije, murungitse canke mushikiriye ibibaranga.

Dushiraho ikoreshwa rya nyabwonko ngabuzi(serveur) ikingiwe. Amakuru nkoramutima yatanzwe aca arungikwa biciye mu buhinga Secure Socket Layer (SSL) kandi buhinyitse mw'iyegeranirizo ry' imihora yo kurihirako, buronswa gusa ku bantu bahawe uruhusha bafise uburenganzira budasanzwe kuri ubwo buhinga, kandi aba bagasabwa kugumana ayo makuru y'ibanga. 

Turakoresha ama cookies?

ego(ama cookies n'udu fishiye duto urubuga canke uwugurisha ibikorwa wayo arungika ku ngasiro(disque dur)ya nyabwonko yanyu biciye kw'ishakisha rubuga ryanyu(votre navigateur Web)(mubishatse) kandi bigafasha mu buhinga bw'imbuga canke abagurisha ibikorwa kumenya ishakisha rubuga ryawe haba gucakira no kubika mu mutwe amakuru amwe amwe.

Dukoresha ama cookies kugira bidufashe kubika mu mutwe no gukoresha ibidandazwa biri giseke cawe, kwumva no kubika ivyo washimye bigufashe uriko uragura muri kazoza no gukurikirana ibiriko biramenyekanishwa.

 Turakwiragiza inkuru ku bandi?

Ntitudandaza, ntiduhanahana canke turungike ukundi ku bantu bo hanze amakuru yanyu abaranga. Ivyo ntibiraba abandi twizeye badufasha gutunganya urubuga rwacu ngurukanabumenyi, mu gufasha ibikorwa vyacu canke mu kubaha ibikorwa, mu gihe abo bantu biyemeje kubika ayo mabanga. Turashobora kandi kwerekana ibibaranga mu gihe twabonye ko bibereye kugira twubahirize amategeko, gushirisha mu ngiro ishimikiro ry'urubuga rwacu canke gukingira uburenganzira bwacu, ubutunzi bwacu canke umutekano wacu hamwe n'ivy'abandi. Ariko ibiranga abatugendera batashatse kwimenyekanisha bishobora gutangwa ku bandi ku mvo zo guhayagiza, kumenyekanisha canke ibindi.

Ifatanirizo ku bandi

Rimwe na rimwe,tutabivugiye hejuru, turashobora kwinjiza canke kubahitishamwo ibidandazwa canke ibikorwa vy'abandi ku rubuga ngurukanabumenyi rwacu. Izo mbuga z'abandi zifise ishimikiro ry'ibituma bizerwa zitandukanye kandi zirebanga. Ibikorwa n'ibigize izo mbuga zifatanye ntibitwega. Mugabo turarondera gukingira urubuga rwacu rwose kandi turakirana umutima mwiza ico mushikiriza cerekeye izo mbuga ngurukanabumenyi. 

Ishimikiro ry'ibituma twizerwa ku murongo gusa

Iri shimikiro ry'ibituma twizerwa ku murongo rikoreshwa gusa ku makuru yegeranijwe biciye ku rubuga ngurukanabumenyi rwacu atari amakuru yegeranijwe atavuye ku mbuga ngurukanabumenyi. 

Ivyo wiyemeje

Mu gukoresha uru rubuga, mwemeye ishimikiro ryacu ry'ibituma twizerwa

ihindugwa ry'ishimikiro ryacu ry'ibituma twizerwa

Mu gihe dufashe ingingo yo guhindura ishimikiro ryacu ry'ibituma twizerwa, tuzoca dushira ahabona ivyo vyahindutse kuri ico kinyembuga kandi/canke dushire ku gihe italiki ry'ihindurwa  ry'ishimikiro ry'ibituma twizerwa aho hasi.

Iri shimikiro ryahinduwe ubwanyuma italiki 01.12.2012