1ekera ibidandazwa mw'itekerwa vyazananye. Ibidandazwa vyazananye hamwe bitegerezwa gusubizwa biri hamwe
2zuza Urupapuro rwo gusaba isubizwa ririko itumwako ry'ibidandazwa
3shirako icemeza ko warishe, Erekana ingene warishe(ayaciye kuri posita canke ayaciye kuri konte y'ibanki)
4Rungika Itu(colis) aha hantu:
Ibaraba ry'ikibuga c'indege, Bujumbura-Burundi
Iyemezwa ry'ibidandazwa mu gusubiza canke mu guhanahana
Abaguzi barafise uburenganzira bwo gusubiza ikidandazwa cose caguzwe badasiguye igituma bitarenze ikiringo c'imisi 2 bahereye ku gihe umudandaza canke abaserukiye uwo mudandaza babashikirije ivyo baguze. Ibidandazwa bishobora gusubizwa mu gihe hubahirijwe amategeko agenga ikoreshwa ryavyo, indangabihingurwa ry'ihinguriro ryavyo kandi bigishobora kudandazwa ata ngorane.
Mu gusubiza ivyaguzwe, abaguzi mutegerezwa gutanga ikopi y'icemeza ubuguzi kandi wuzuze ibisabwa mu gusaba isubizwa.
Mu gusubiza ivyaguzwe, abaguzi mutegerezwa gutanga ikopi y'icemeza ubuguzi kandi wuzuze ibisabwa mu gusaba isubizwa.
Amategeko yerekeye isubizwa canke ihanahana ry'ibidandazwa vyerekanye ko bifise utunenge:
Abaguzi barafise uburenganzira bwo kumenyesha umudanzaza utunenge twose no gusaba ko babahindurira mu kiringo kitarenga iminsi 30 uhereye igihe umudandaza canke abaserukiye uwo mudandaza babashikirije ivyo baguze. Ariko ivyo ntibiraba utunenge twatewe n'ikoreshwa nabi ry'umuguzi.
Abaguzi barafise uburenganzira bwo kwanka guhabwa ibidandazwa n'ubwo gusaba isubizwa. Muri ico gihe, ibidandazwa bitegerezwa gusubizwa k'uwabidadanje, hubahirijwe amategeko agenga ikoreshwa ryavyo, indangabihingurwa ry'ihinguriro ryavyo kandi bigishobora kudandazwa ata ngorane.
Mu gusubiza ibidandazwa, mutegerezwa gutanga ikopi y'icemeza ubuguzi kandi wuzuze ibisabwa mu gusaba isubizwa.
Ishimikiro ryacu ry'ugusubizanya riravugwa neza hano haruguru. Bivanye n'ishimikiro rya Jama Mart, ama mangazini ategerezwa kwerekana ishimikiro ry'ugusubizanya. Mu gihe ata shimikiro na rimwe ry'ugusubiza imangazini yerekanye, iryo shimikiro ryacu ritegeka imangazini kwemera ivyasubijwe mu minsi ibiri inyuma y'ukuronswa ibidandazwa.