12/13/2025
by Admin Admin
Mwugurura gute ikonte yanyu kw'ibutike yacu
Kwugurura ikonte mw'ibutike yacu biroroshe kandi bibafasha gukurikirana ivyo mwatumyeko, kwinjiza aho muba no kwunguka umwanya mu gihe c'ubundi buguzi.
1. Gushikira urubuga rwo kwiyandikishirizamwo
- Fyonda kuri iyo buto "Ukwinjira mu muhora" canke "Ikonte yanje" hejuru ku rubuga
- Ku kiyo c'ukwinjira mu muhora, fyonda kuri "Ugurura ikonte" canke "Kwiyandikisha".
2. Uzuza urupapuro
Menyesha amakuru yasabwe:
- Itazirano hamwe n'izina
- Ikiranga ibaruwa ngurukanabumenyi(ikora, ifasha mu kwinjira mu muhora no gukurikirana ivyatumweko)
- Ijambo kabanga(Nimuhitemwo ijambo kabanga rikingiwe bikwiye)
- Bishoboka: inimero ya terefone, aho uba, izina ry'ishirahamwe, bivanye n'ibibanza vyo kwinjirizamwo mwuguruye.
Uce ufyonda kuri "Kwugurura ikonte" / "Kwiyandikisha"
3. Emeza ibaruwa ngurukanabumenyi(mu gihe yuguruye)
Iyo ukwemeza ibaruwa ngurukanabumenyi(e-mail) yuguruye mw'ibutike yawe:
Ugurura agasandugu k'ibaruwa ngurukanabumenyi(e-mail).
- Rondera ubutumwa bwarungitswe n'ibutike yacu.
- Fyonda kw'ifatanirizo ry'ukwemeza riri mw'ibaruwa ngurukanabumenyi.
Ikonte yanyu izoba rero yuguruye kandi igezwe gukoreshwa.
4. Kwinjira mw'ikonte yawe
Kugira mwinjire mu muhora umwanya wose:
- Fyonda ahari "Ukwinjira mu muhora" / "Ikonte yanje" .
- Injiza ikiranga ibaruwa ngurukanabumenyi hamwe n'ijambo Akabanga.
- Fyonda ahari "Kwinjira mu muhora".
Mushobora kandi:
- kuraba ivyo mwatumyeko,
- Gushira ku gihe amakuru akuranga,
- Kwemeza aho gushikana ibintu henshi,
- Gukurikira ivyo mwatumyeko aho bigeze.