12/08/2025
by Admin Admin
Shiraho ibutike yanyu bwite mu ntambwe zimwe zimwe
kuri JamaMart, uwushushanya canke uwudandaza imideri arashobora kwugurura ibutike yiwe bwite ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe no kudandaza ibidandazwa vyiwe(impuzu, ibirato, ibijanisho,n'ibindi.)
1. Gushiraho ikonte yawe y'umudandaza
- Fyonda ibuto « Kuba umudandaza » / « Kwugurura ibutike yanje » ku kinyembuga c'intangaro.
- Uzuza urupapuro rwo kwiyandikisha rw'umudandaza:
- Izina / Itazirano
- Izina ry'ibutike
- Ibaruwa ngurukanabumenyi, terefone
- Aho uba, Igihugu, Igisagara
- Rungika ivyo mwasavye.
- Umurwi wacu uca wemeza ikonte yanyu y'umudandaza (kandi ikabaha uburenganzira bwo kuba umutunganyarudandazwa).
Ikonte yanyu ihejeje kwemezwa, muraronka ibaruwa ngurukanabumenyi(e-mail) harimwo uburenganzira bwo kwinjira mu muhora ku kinyembuga c'umudandaza.
2. Mushiremwo ibiranga ibutike yanyu y'imideri
Mu kinyembuga c'umudandaza, mugende mu gisata Ivyapanzwe/Ibutike (ibiranga umudandaza) muce mwuzuza:
- Izina ry'ibutike(akarorero Ibutike Paris Chic, Kigali Streetwear, n'ibindi).
- Ikimenyetso c'ibutike
- Icapa / ishusho
- Umwindondoro: (ubwoko bw'indangagihingurwa yanyu(imideri yo mu gisagara, ugushaza, umwana, ukwinonora imitsi, n'ibindi.)
- Ibiranga: Aho uba, terefone, WhatsApp, ibaruwa ngurukanabumenyi
- Ifatanirizo((liens) ry'imbuga ngurukanabumenyi: Instagram, Facebook, TikTok, n'ibindi.
Uko ibikuranga biba bikwiye, niko ibutike yawe iba itunganijwe neza kandi yizerwa.
3. Hitamwo imice yanyu y'ikindandazwa
Mu gihe co kwongerako ibidandazwa, mushobora guhitamwo imice ijana n'akazi mukora, nk'akarorero:
- Imideri y'abagore →Amakanzu, amakoti, Ipantalon, Ibirato, Amasaho
- Ibijanisho →intabonwa(Bijoux), imisipi, inkofero, Amarori, n'ibindi.
Bivanye n'umugambi w'umudandaza mukoresha,ku mice imwe imwe hashobora kubaho ibidandazwa ntarengwa canke bigenewe ku bandi (akarorero “Agaciro”, “Ugucapa”, n'ibindi.). Jama Mart ifasha umutunganyabidandazwa kushiraho ivyo akoresheje imigambi y'umudandaza.
4. Ongerako ibidandazwa vy'imideri( harimwo ubunini, amabara)
Genda mu Bidandazwa→ Ongerako ikidandazwa:
- Izina ry'ikidandazwa
- Akarorero: "Ikanzu ikozwe mu pampa – y'urwatsi rubisi",
- Amafoto
- Nimwinjize amafoto menshi asa neza: uruhande, inyuma, ibigize igitambara, gagamisha ubone ibisharije ico gitambara.
- Inyuma hakeye, Umuco mwiza, impuzu ziteguwe neza.
- Ivyotorwamwo(ubunini,amabara)
- Muri JamaMart, koresha ibitandukanye / ivyotorwamwo mu gutunganya::
- Ubunini: XS, S, M, L, XL, 2XL
- Amabara: ryirabura, ryera, ritukura, n'ibindi.
- Ubunini bwose/ibara rishobora kugira ububiko butari hamwe.
- Igiciro n'ububiko
- Shinga igiciro c'ubuguzi, igiciro c'imenyekanisha (mu gihe hari ivyagabanijwe igiciro), igitigiri c'ibiri mu bubiko)
- Idondora ryagutse
- Ibikozwemwo / ibigize ibintu(ipampa, polyester, n'ibindi.)
- Amategeko y'isuku (kumesura n'intoke, n'imashini, ubushuhe, kugorora,...)
- Umwambaro(gitogito, kivyibushe, kigereranye)
- Ikoreshwa(umugoroba,ibiro, kwinonora imitsi,ukwisanzura…)
- Ibiranga /Utuyunguruzo( kidategerezwa ariko gifasha)
- Inyambaro: za kera,gushaza,kwinonora imitsi
- Ibihe: mu ci, urushana, umukubezi
- Indagagihingurwa, aho cavuye, n'ibindi.
Uko ama fishe aboneka neza, nuko n'abaguzi batora ningoga ivyo barondera…kandi bakagura.
5. Panga ivyo murungika n'ibisubizwa
Mu kinyembuga canyu c'umudandaza, mushobora gukoresha uburyo bwo gushikana ibintu bwashizweho n'isoko (canke uburyo bwanyu bwite bivanye n'ishirwaho):
- Ugushikana ibidandazwa kumenyerewe(iminsi X)
- Ugushikana ibidandazwa kunyaruka(mu gihe guhari)
- Ikibanza co guhanahana, ugukura mw'ibutike( mu gihe mufise imanganzini iboneka)
Ku buryo ubwaribwo bwose, sigura:
- Ibibanza bashikanamwo(igisagara, igihugu, akarere…)
- Amahera yo gushikana ibidandazwa(igiciro gishinzwe, ku biro, ku gitigiri…)
- Umwanya ugereranije(akarorero iminsi 2-5, iminsi 7-10)