Q1. Isoko ni iki?
Isoko ni urubuga rwo ku murongo rufasha guhuza abadandaza n'abaguzi. Umudandaza wese atunganya ibidandazwa vyiwe, ibiciro vyiwe n'ububiko bwiwe, kandi abaguzi barashobora kugurira ku badandaza benshi batumyeko rimwe gusa.
Q2. ni irihe tandukanirizo riri hagati y'isoko ryanyu n'imangazini yo ku mbuga ngurukanabumenyi isanzwe?
Mu mangazini yo ku mbuga ngurukanabumenyi isanzwe, ugurira umudandaza umwe gusa. Kw'isoko yacu, ushobora kugurira ku badandaza benshi mu mwanya umwe, kugereranya ibiciro, kurimbura, igihe co gushikana ibidandazwa, n'ibindi.
Q3. Ninde ashobora gukoresha Isoko?
Umuntu wese akuze canke abifitiye uburenganzira(uwigenga canke ishirahamwe) ashobora gushiraho ikonte y'umuguzi. Abandandaza babizi neza(kandi bivanye n'amategeko, rimwe na rimwe abigenga) bashobora gushiraho ibutike y'ukugurisha ibidandazwa vyabo canke ibikorwa.
Q4. Ni muri ibihe bihugu isoko yanyu bayisanga?
Ubu, isoko yacu iriho kubw'abadandaza n'abaguzi bo mu [igihugu canke akarere akarorero Burundi / EAC]. Turiko turakora mu kugwiza buhoro buhoro aho dukorera mu bindi bihugu. 2. Ikonte n' Ukwinjira
Q5. wuguruza gute ikonte?
Fyonda kuri “Ukwinjira” canke “Ugushiraho ikonte”, uzuza urupapuro ukoresheje izina ryawe, ibaruwa ngurukanabumeyi yawe(e-mail) n'ijambo kabanga ryawe, uce wemeza ikiranga ibaruwa ngurukanabumeyi yawe mu gufyonda kw'ifatanirizo ry'ukwemeza bakurungikiye.
Q6. Kwuguruza ikonte ni ku buntu?
Ego, ugushiraho ikonte y'umuguzi vyose ni ku buntu. Ku badandaza, amahitamwo atandukanye (kwiyandikisha, impembo, ibikorwa vyo hejuru(premium) bishobora kurihishwa bivanye n'umugambi batoye.
Q7. Nibagiye ijambo kabanga ryanje, nokora iki?
Fyonda kuri “Wibagiye ijambo kabanga?” ku kinyembuga co kwinjira mu muhora, injiza ikiranga ibaruwa ngurukanabumenyi kandi ukurikize amategeko yarungitswe mu butumwa bwo gusubiza ku ntango.
Q8. Ndashobora kugira amakonte menshi?
Kenshi na kenshi, uwukoresha urubuga ntategerezwa gushiraho amakonte menshi kugira arenge amategeko(uguhagarikwa, ukutarenza, n'ibindi.). Ariko urashobora kugira ikonte y'umuguzi hamwe n'ikonte y'umudandaza mu gihe urubuga ruvyemeye. 3. Ugutumako ibidandazwa n'Ukuriha
Q9. Mutumako gute ibidandazwa
ongerako ibidandazwa witoreye mu giseke. Raba ibibiranga (igiciro, umudandaza, igitigiri, amahera y'ugushikana ibidandazwa). Tora uburyo bwo kuriha n'aho bigushikira. Emeza ivyo watumyeko. Hanyuma uca uronka ibaruwa ngurukanabumenyi y'ukwemeza.
Q10. Ni ubuhe buryo mwemera bwo kuriha?
Mu bisanzwe twemera: amakarata y'amabanki (Visa, Mastercard, n'ibindi.) Amahera yo muri terefone ngendanwa / Ingondo y'ubuhinga bwa none Ukurihira mw'ibanki canke ku biro bikukira ibanki (mu gihe guhari) Bishoboka Ukuriha bashikanye ibidandazwa (COD) mu bibanza bimwe bimwe.
Q11. Kuriha ku rubuga rwanyu birakingiwe?
Ego. Turakoresha inzira zikingiwe (akarorero TLS/HTTPS), abarihisha bemewe hamwe n'ingingo zigwanya urudandazwa rwo mu kinyegero. Ibiranga ikarata yawe y'ibanki ntibibikwa neza na neza na twebwe ariko n'abafatanyabikorwa bacu mu kurihisha gukingiwe.
Q12. Ndashobora guheba ivyo natumyeko nahejeje kuriha?
Ivyo bivana n'imero ry'ivyo watumyeko : mu gihe ivyo watumyeko bitarategurwa canke bitararungikwa, urashobora kenshi gusaba bihagarikwe uherereye mu kibanza cawe c'umuguzi. Mu gihe naho vyamaze kurungikwa, uca ukurikiza amategeko y'ugusubiza mu gihe itu(colis) yagushikiriye.
4. Ugushikana, isubiza n'isubizwa
Q13. Bitwara umwanya ungana gute kugira bigushikire?
Umwanya uva k'umudandaza, n'uburyo bw'ukurungika bwatowe hamwe n'aho uherereye. Imbere y'ukwemeza ivyo watumyeko, ukugereranya italiki bizoshikirako kurerekanwa ku kindandazwa cose.
Q14. Bigushikira kuri angahe?
Amahera y'ugushikana ibidandazwa ahinduka bivanye na : uwubitwara yatowe, ibiro n'ubunini vy'ibidandazwa, n'aho bishikira. Igiciro c'ukuri kiraharurwa kandi kikerekanwa mu giseke imbere yo kuriha.
Q15. Nokora iki mu gihe ntaronse ivyo natumyeko?
Niwinjire mw'ikonte yawe, Genda muri "Ivyanje natumyeko", raba imero n'inimero y'ugukurikirana. Mu gihe ikiringo cavuzwe carenganye, hamagara igisata c'umuguzi canke wugurure ukuburana uhereye mu kibanza cawe.
Q16. Ndashobora gusubiza ikidandazwa?
Ego, mu bisabwa bitandukanye : gukurikiza igihe c'ugusubiza (akarorero iminsi 7, 14 canke 30) Ikidandazwa kitakoreshejwe canke cagumye nkuko cari kimeze(kiretse ikidandazwa cononekaye) Ugukurikiza uburyo bw'ugusaba isubiza uciye mw'ikonte yawe.
Q17. Isubizwa rigenda gute?
Mu gihe isubiza ryemejwe n'umudandaza canke urubuga, isubizwa rikorwa biciye muri bwa buryo nyene bwo kuriha nk'ubwakoreshejwe mu gihe c'itumwako ry'ibidandazwa (canke biciye mu mahera bakubikiye / ingondo yo kw'isoko, bivanye nuko bimeze). 5. Ibibazo ku bandandaza(amabutike, abadandaza)
Q18. Bigenda gute ube umudandaza kw'isoko?
Fyonda kuri "Kuba umudandaza" canke "Kwugurura ibutike", uzuza urupapuro ukoreshe ibikuranga(ishirahamwe, ingene bakuronka, n'ibikenerwa) hama urindire ikonte yawe y'umudandaza yemezwe n'umurwi wacu.
Q19. Hari amafaranga asabwa mu kudandaza kw'isoko?
Ego, akenshi nka : impembo ku caguzwe cose, kandi/canke kwiyandikisha ku kwezi ku bikoreshwa bimwe bimwe. Ibiranga ibiciro birerekanwa mu gice "Ibiciro / Imigambi y'abadandaza".
Q20.Ni gute na ryari nshobora kurihwa kuvyo nagurishije?
Ukuriha kugirwa kwikurikiranya(akarorero ku ndwi canke ku kwezi), inyuma yo gukurako impembo no mu gihe ivyatumweko vyashitse kandi vyemejwe canke vyarenganye igihe c'ukuburana. Ushobora kuriha uciye mw'ibanki, amahera yo muri terefone ngendanwa canke ubundi buryo buhari.
Q21. Ninde ajejwe gushikana ibintu: Umudandaza canke Isoko?
Hari uburyo bwinshi: Umudandaza niwe ajejwe ugutekera n'ukurungika ibidandazwa akoresheje abiwe bavyunguruza. Isoko rirashobora gutanga inyishu ry'itunganya riri hamwe (abafatanyabikorwa bashikana ibidandazwa) umudandaza ashobora kwitorera ngo arikoreshe. Ibihari uhitamwo birerekanwa mu kinyembuga c'umudandaza.
Q22. Nongerako gute ibidandazwa vyanje?
Ku kinyembuga c'umudandaza, urashobora: kwongerako ikidandazwa n'iminwe(izina, ikiranga ikidandazwa, igiciro, ifoto, ububiko, n'ibindi.) canke ukinjiza urutonde rw'ibidandazwa ukoresheje ifishiye Excel/CSV mu gihe iryo koreshwa ryuguruye.
Q23. Ndashobora kugurisha ibikorwa canke ibikoteshwa(atari gusa ibidandazwa bifadika)?
Ego, mu gihe isoko ivyemera. Ubwoko bumwe bumwe bw'ibikorwa (akarorero ivyakozwe, ukwigisha, ugukota ibintu) bishobora gushirwa ahabona nka "ibidandazwa" bifise ivyapanzwe bijanye (umwanya, ibibanza, ikirangamisi, n'ibindi), bivanye n'amategeko y'urubuga. 6. Ugukingira, ibiranga n'ugushigikira
Q24. Ibinyega birakingiwe?
Ego. Turubahiriza amategeko akurikiza ibijanye n'ugukingira ivyega. Ibikuranga bikoreshwa gusa mu gutunganya ikonte yawe, ivyo watumyeko n'ukurushirizaho igikorwa. Ku bisumba ibi, urashobora kuraba Ishimikiro ryacu ry'ibituma twizerwa.
Q25. Twomenyesha gute umudandaza canke ikidandazwa giteye amakenga?
Ku kinyembuga c'ikidandazwa canke c'ibutike, koresha ibuto "Kumenyesha" canke uhamagare igisata c'umuguzi mu gutanga ibiranga bitarengwa (ifatanirizo, gufata amasanamu y'icirore (captures d’écran), inimero y'ivyatumweko, n'ibindi.).
Q26. Dushikira gute igisata c'umuguzi?
Ushobora kuturondera uciye :Ku rupapuro rw'ukuzuza uko uturondera ku mbuga, kuyaga ku murongo (mu gihe guhari), Ibaruwa ngurukanabumenyi(e-mail) canke inimero ya terefone yerekanywe mu gice "Guhamagara" canke "Ubufasha".
Q27. Notorera he amategeko yanyu ngenderwako y'ikoreshwa?
Amategeko yacu ngenderwako y'ikoreshwa(CGU) n'Amategeko ngenderwako y'ubuguzi(CGV) uyasanga ku kinyembuga musi (footer) mu gice "Amategeko / Ibijanye n'amategeko /CGV-CGU".