Nimwubure isoko ya JamaMart

11/06/2014
by Admin Admin

JAMAMART ni urubuga ngurukanabumenyi rukomeye kandi rukingiye cane, rufise umutekano urengeje, ruhuza abadandaza n’abaguzi b’ibintu n'ibikorwa vyo mu Burundi no mu karere k’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC), n’ibindi bicuruzwa nkenegwa mu Burundi biva hanze. Rufise urubuga ngurukana bumenyi rworoshe kandi rwihuta, rutuma amakuru y’abarukoresha akingirwa neza, hakabaho n’uguhanahana amafaranga ku rubuga ngurukana bumenyi mu mutekano mwinshi, ivyo vyose bishigikiwe n’ukubarungikira ibidandazwa ku gihe kandi mu buryo bwizewe.

umugambi watanguriye ku cigwa c'isoko cerekana ivyipfuzo vy'abafise uruhara mu mugambi nk' abahingura ibidandazwa bo mu gihugu hamwe n'abanyamyuga, amashirahamwe mato mato n'ayagereranye, abaguzi banyuma, inzego n'amashirahamwe, abagurisha ibikorwa bose batowe bivanye n'aho baba, ubushobozi bwo kugura, ukwimenyera kujanye n'ubuhinga bwa none n'ivyankenerwa bibaraba bo nyene.

Intumbero nyamukuru ya JamaMart niyo guhuza abahingura/abagurisha bamenyereye ivyo bakoreramwo hamwe n'abaguzi biciye ku rubuga rwizewe, rworoshe kushikako kandi rudatandukanya, mu gushira imbere ubutunzi bw'igihugu n'ubw'akarere hamwe n'urudandazwa ntamakemwa. 

JamaMart ni urubuga rw'akarorero mw'imenyekanisha ry'ibidandazwa/Ibikorwa vy'ubuhinga bwiharije, mu guha agaciro ibidandandazwa nyavyo, bitamenyerewe kandi bifise uburambe mw'ihanahana hagati y'abagwizatunga