JamaMart ni ishami ry'ishirahamwe Jama ry'umuntu umwe ry'amategeko ryo mu Burundi ryemejwe n'Igisata co guteza imbere ivy'ubutunzi mu Burundi(ADEB) mw 'itegeko inimero .

Intumbero nyamukuru ya JamaMart niyo guhuza abahingura/abagurisha bamenyereye ivyo bakoreramwo hamwe n'abaguzi biciye ku rubuga rwizewe, rworoshe kushikako kandi rudatandukanya, mu gushira imbere ubutunzi bw'igihugu n'ubw'akarere hamwe n'urudandazwa ntamakemwa.                                                                         

 JamaMart ni urubuga rw'akarorero mw'imenyekanisha ry'ibidandazwa/Ibikorwa vy'ubuhinga bwiharije, mu guha agaciro ibidandandazwa nyavyo, bitamenyerewe kandi bifise uburambe mw'ihanahana hagati y'abagwizatunga.      

 Ibiranga JAMAMART ni:       

  •  Ukwizerwa gushimikiye mu kibanza gikingiwe kandi cizewe ;  
  • Ugushikira kurangwa n'isoko ryuguruye ku bantu bose ;
  • Ukudatandukanya kurekurira abahingura bato bato canke abagurisha kwinjira mw'ihiganwa ryemewe  ;  
  • Ugushiraho ibikoresho bigezweho  bitamenyerewe bifasha ukurushirizaho kwitaho ubuzobere bw'uwukoresha ;
  • Iterambere rirama rivuye kw'imenyekanisha ry'ibidandazwa/Ibikorwa vyubahiriza ibidukikije. Ishirahamwe ritwarwa n'umurwi w'abahinga babizobereyemwo bafashijwe n'abafatanyabikorwa b'abahinga b'abatunganyabwenge nyabwonko n'abasemberezi bazwi mu gisata c'isoko bafasha mu gukingira, kubungabunga no gushira ku gihe.